Abantu barenga 50 mu Burundi ni bo bari bamaze kwandura ikiza c’indwara y’ibihara vy’inkende kugera ku wa 5 Myandagaro, 18 muri bo bakaba ari abamaze kwandura baba mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Abo bantu bakaba bava mu burere bw’ubuvuzi 22 kuri 49 buri mu gihugu cose. Ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu bukaba bumenyesha ko bufatikanije n’ababufasha, hamaze kugenwa amafaranga angana n’imiliyaridi 42 mu mafaranga y’amarundi yo kugwanya ico kiza, mu gihe Uburundi ku giti cabwo bumaze gushiramwo imiliyaridi 2. Umushikiranganji muganga Lydwine Baradahana agahamagarira abanyagihugu kwitaho kuja kwa muganga kandi ko kwivuza ari ku buntu.
Amakuru
9 août 2024