Amakuru
26 septembre 2023

Ibihano bikomeye bigiye gufatirwa abasuma vyotuma babiheba

Ukwinjiza ibidandazwa mu kinywabi kuracibonekeza mu Burundi kandi kuri mu bituma nyamukuru ubutunzi bw’igihugu butisununura. Vyemezwa n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu. Hari igihe Martin Niteretse yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka mu mpera z’indwi iheze. Atanga akarorero k’abaherutse gufatwa binjije ibidandazwa bivuye muri Congo batarishe amakori babifashijwemwo na bamwe mu bakozi b’ikigo OBR n’abapolisi. Yemeza kandi ko bikorwa n’akarwi k’abantu benshi harimwo na bamwe mu bategetsi bo hejuru baca batangura gutera ubwoba abariko barakora amatohoza kuri ayo manyanga.