Amakuru
9 mai 2023

Ibiganiro vy’ukuri vy’abegwa n’indyane muri Congo, birashobora guhagarika ingwano

Nta co umuntu yokwitega ku nama igira 11 y’abegwa n’amasezerano y’amahoro, umutekano n’ugufashanya kwa Congo n’akarere iherutse kubera i Bujumbura, mu gihe ikibazo nyamukuru kihari kitazoba kiraganirwako. Bivugwa n’umumenyeshamakuru Albert Rudatsimburwa, akurikiranira hafi indyane ziri mu buseruko bwa Congo. Ku bwiwe, nta cigeze gikorwa inyuma y’imyaka cumi iheze mu gihe imirwi igwana yari ikiri mike muri ico gihugu, uno munsi habarizwayo imirwi amajana, vyogorana cane ko inyishu ica iboneka. Ivyo vyerekana ko hari akabazo muri ico gisata gikurikirana amasezerano y’amahoro n’umutekano mu bijanye n’inyishu zitorwa.