Ugusubiza hamwe hagati y’ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda bigeze ku ntambwe ishimishije. Vyamenyeshejwe n’umukuru w’Igihugu c’Uburundi. Hari mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri. Ku bwa Evariste Ndayishimiye, utwigoro tutari duke turiko turakorwa. Aha akishimikiza imibonano iza iraba hagati y’abategetsi batandukanye b’ivyo bihugu bibiri.
Amakuru
13 mai 2022
