Amakuru
8 mai 2023

Ibiganiro vy’i Luanda n’i Nairobi vy’amahoro muri Congo bitegerezwa kwubahirizwa ido n’ido

Amasezerano y’i Luanda n’i Nairobi ku mahoro muri Congo n’akarere ategerezwa gukurikizwa ukuri kwamye. Ivyo ni vyo abakuru b’Ibihugu n’amaleta bari mu nama igira 11 yo gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro muri Congo n’akarere bumvikanye. Hari ku munsi wa gatandatu i Bujumbura. Ivyo bimwe ku vyerekeye Congo bikaba bijanye n’uguhagarika ingwano, imirwi yitwaje ibigwanisho ikabisubiza, M23 ikava mu bice yifatiye, ibihugu vya Congo n’Urwanda bikabandanya ibiganiro bikumvikana. Albert Shingiro, umushikiranganji w’Imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ni we yasomye ivyavuye muri iyo nama.