Amakuru
13 juin 2023

Ibiganiro no kwifatanya n’abandi mu bikorwa vyo kugarukana amahoro, ni vyo umuhari M23 usaba

Ibiganiro vyonyene, nta kindi umuhari M23 usaba kugira igihugu ca Congo kigire amahoro arama. Uwo muhari uranegura ingendo ya leta iguma yanka ibiganiro. Willy Ngoma, umuvugizi wa M23, avuga ko ibice nka vyose bari barekeye igisirikare c’akarere ubu birimwo leta n’abo bafashanya. Akananegura cane cane ko uwo muhari ukumirwa mu bikorwa vyo kugarukana amahoro.