Amakuru
18 mars 2024

Ibiganiro ni yo nzira nziza yotuma igihugu ca Congo gisubira kugira umutekano (A. Rudatsimburwa)

Urwanda rwamye rushira imbere ibiganiro kugira rushobore kubana neza n’ibihugu bibanyi. N’uyu munsi ruriteguye kuganira n’igihugu ca Congo kugira umubano ushobore gusubira kumera neza. Bivugwa n’umumenyeshamakuru Albert Rudatsimburwa, akaba n’umushakashatsi ku kibazo c’umutekano mu buseruko bwa Congo. Yibutsa ko igihe cose umuhuza yashatse ko haba ukuganira, umukuru w’Igihugu c’urwanda Paul Kagame, atahengeshanije kwerekana ugushaka kugira habe ivyo biganiro hagaruke icuka ciza. Amakenga ayafise ku mukuru w’Igihugu ca Congo akunze kwigirwa kure inzira yose iza ishaka gutora umuti w’umutekano muri Congo.