Amakuru
4 janvier 2024

Ibiganiro ni vyo vyotuma ukutumvikana kw’Uburundi n’Urwanda guhera (R. Ndikuriyo)

Umugambwe CNDD-FDD wiyemeje kubandanya ibiganiro n’umugambwe FPR uri ku butegetsi mu gihugu c’Urwanda kugira Abarundi ubutegetsi bwipfuza gufata barungikirwe leta y’Uburundi. Révérien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, yabivuze mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku munsi wa kabiri i Bujumbura. Ku bwiwe, ngo ni urutonde leta y’Uburundi yamaze guha leta y’Urwanda kuva kera kugira bahamvye abo bakoranye mu gushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza mu 2015. Akaba abishikirije inyuma y’aho umukuru w’Igihugu yashikirije ko Urwanda rushigikiye abagize igitero muri zone ya Gatumba mw’ijoro ryo ku wa 22 Kigarama 2023.