Amakuru
14 juin 2023

Ibiganiro hagati ya M23 na leta ya Congo ni yo nzira ishobora kugarukana amahoro

Ibiganiro ni vyo bishobora gusubiza amahoro ubuseruko bwa Congo mu gihe leta yokwemera ikaganira n’umuhari wa M23. Bivugwa na Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru w’Umunyarwanda akwirikiranira hafi ikibazo ca Congo. Ku bwiwe, ingabo z’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko zirashobora gufasha mw’igarukanwa ry’amahoro, ariko mu gihe leta yemeye ibiganiro. Ariko akabona ko bigoye ko umuti w’ikibazo ca Congo uboneka kubera haje izindi ngabo, igikuru ni uko impande z’abashamiranye zumvikana gutora umuti biciye ku kwumvikana.