Amakuru
11 novembre 2022

Ibiganiro bizotangura ku wa 16 Munyonyo, ni icizere ko ubuseruko bwa Congo haba amahoro

Ingabo z’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko ziriko ziritegura kuja gufasha igisirikare ca Congo kurwanya imirwi ihungabanya umutekano mu gice c’ubuseruko bwa Congo. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, igihe yari atahutse avuye mu gihugu ca Misiri mu nama mpuzamakungu bise COP27, ku bijanye n’ihinduka ry’ikirere, hari ku munsi wa gatatu. Akaba yamenyesheje ko ku wa 16 Munyonyo, nk’uwutwara akarere ka Afrika y’ubuseruko, azoba ari i Nairobi kugira atanguze ibiganiro bizoba hagati y’iyo mirwi na leta ya Congo. Muri iyo mirwi ivugwa, twobibutsa ko harimwo umuhari M23 umaze igihe ufata uduce tumwe tumwe two muri ico gice c’ubuseruko, harimwo uduce twa Rutshuru na Bunagana.