Amakuru
20 mai 2024

Ibiganiro bidakumira ni yo nzira yonyene yotora inyishu z’ibibazo vy’Uburundi (I. Muhozi)

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ntiyari akwiye kwama ariko araganya ku ngorane zugarije igihugu, ahubwo yari akwiye kwiyumvira inyishu y’ibibazo vyinshi vyugarije igihugu mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu. Bivugwa na Innocent Muhozi, umumenyeshamakuru ari mu buhungiro. Akaba afatira ku majambo Ndayishimiye avuga ko Abarundi bagoye gutwara, mu gihe ari we n’abo bakorana bananiwe gutwara igihugu. Muhozi agaruka ku biganiro bihuza bose ko ari vyo vyoshobora gutora umuti urama ku kibazo c’Uburundi.