Amakuru
11 janvier 2023

Ibiganiro bidakumira ni vyo vyonyene bishobora gutorera umuti intambara muri Congo

Igisirikare cafashe ibirwanisho muri Republika iharanira demokarasi ya Congo M23, kirasaba abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko n’ibiro vy’umuhuza kubumviriza kugira batorere hamwe umuti w’ikibazo c’umutekano muke uri mu buseruko bwa Congo. Ako ni akamo k’uwurongoye ishami rya gisirikare ry’umuhari 23, Sultani Makenga, yagiriza leta ya Congo kwifatanya n’imirwi y’ihonyabwoko nka FDLR, bamwe mu Banyarwanda bakoze ihonyabwoko mu Rwanda mu 1994. Makenga akemeza ko bafashe ibirwanisho kubera inzira y’ibiganiro yari yanse kubera leta ya Congo itabishaka mu gihe M23 yashaka ko baganira ingene Abacongomani bobana ata bakumiriwe.