Amakuru
4 octobre 2023

Ibiciro bishasha mu masoko ya leta bizosubira kwigwa, bivugwa n’umushikiranganji w’Ikigega ca leta

Hagiye kuba ibiganiro hagati y’abadandaza na leta ku ngingo y’uko ikigo gitoza amakori OBR kizotoza amafaranga mu masoko yubatswe na leta mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji w’Ikigega ca leta, Audace Niyonzima. Ariko rero iyo ngingo ni ntabanduka, kuko amafaranga azovamwo azofasha mw’iterambere ry’igihugu.