Amakuru
3 juin 2022

Ibice 69% vy’amatongo ni vyo Ibanki y’isi yerekana ko bizoba vyatitutse mu Burundi gushika mu 2030

Amatongo agera kuri 69% yiyongera ku yasanzwe ahari mu Burundi azoba yatitutse mu myaka umunani iri imbere. Vyerekanwa n’icigwa cakozwe n’Ibanki y’isi yose mu vyerekeye ihindagurika ry’ibihe. Ariko ku bwa leta y’Uburundi, ngo iramaze gutegura imigambi yo guhangana n’ihindagurika ry’ibihe, nk’uko bivugwa na Déo Guide Rurema, umushikiranganji ajejwe Ibidukikije mu Burundi.