Agriculture
31 janvier 2023

Ibanki y’iterambere ya Afrika yemeye gutanga imiliyaridi 3,6 zo kwubaka inzira y’indarayi mu Burundi

Imiliyaridi 3,6 z’amadolari yo kwubaka inzira y’indarayi, hamwe n’ifumbire y’umwaka wose. Ivyo ni vyo ibanki y’iterambere ya Afrika yemereye umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye vyo gufashisha Uburundi. Yabimenyesheje ku munsi wa gatandatu igihe yari atahutse avuye mu nama y’abakuru b’ibihugu ku bijanye n’uburimyi yabereye i Dakar muri Sénégal.