Amakuru
14 juillet 2022

Ibanki y’iterambere ku mugabane wa Afrika irashigikiye ibikorwa vy’iterambere mu Burundi

Ibanki y’iterambere ku mugabane wa Afrika (BAD) irashigikiye ibikorwa vy’iterambere mu Burundi. Vyavugiwe mu mubonano Umukuru w’Igihugu yahaye uwuserukira iyo banki mu Burundi kuri uyu wagatatu. Alain Diomède Nzeyimana, umuvugizi w’umukuru w’Igihugu, amenyesha ko ikivuko ca Bujumbura hamwe n’ibarabara ry’indarayi rihuza ibihugu vya Tanzaniya, Uburundi na Congo biri mu bikorwa iyo banki yemeye gufasha.