Amakuru
9 juin 2023

Ibanki y’isi yose iratunga urutoke leta y’Uburundi ko itubahiriza itangwa ry’amasoko

Itangwa ry’amasoko mu Burundi riracari ikibazo giteye amakenga abasanzwe babufasha, harimwo n’Ibanki y’isi yose, cane cane ku migambi isanzwe ifashamwo. Bimenyeshwa n’uwuserukira iyo banki mu Burundi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri uheze i Bujumbura. Hawa Cissé Wagué agahamagarira abategetsi b’Uburundi kumenya kwubahiriza amategeko agenga iyo banki nk’uko bigenda no mu bindi bihugu bisanzwe bifashwa na yo. Akemeza ko ariko iyo banki izobandanya ifata mu mugongo igihugu c’Uburundi mw’ihangiro ry’igihugu kiriko kiratera imbere mu mwaka w’2040, giteye imbere mu mwaka w’2060.