Agriculture
9 septembre 2023

Ibanki y’isi yose irasabwa na leta gushigikira ibisata vy’uburimyi n’ubutare

Leta y’Uburundi isaba Ibanki nkuru y’isi yose kubandanya ishigikira igihugu mu migambi y’Iterambere. Hari mu mubonano umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca yahaye icegera c’uwurongoye iyo banki kuri uyu wa 7 Nyakanga. Moïse Nkurunziza, umuvugizi w’ibiro vy’umushikiranganji wa Mbere, amenyesha ko Uburundi bwasavye gushigikirwa na cane cane mu bisata vy’uburimyi no gucukura ubutare.