Amakuru
8 septembre 2023

Ibanki y’isi yose igiye gufasha Uburundi kwongereza abashikirwa n’umuyagankuba bari ku bice 12%

Ibanki y’isi yiyemeje gufasha Uburundi mu bijanye n’amasoko ntanganguvu. Ivyo vyamenyeshejwe na Victoria Kwakwa, icegera c’uwutwara iyo banki mu bice vy’ubuseruko n’ubumanuko. Kuri we, ngo ibice 12% vyonyene bishikirwa n’umuyagankuba ngo ni bike cane. Iyo mfashanyo ikaba izoba ari iyo gufasha ngo ivyo bitigiri biduge. Yabivuze ku munsi wa gatatu avuye mu mubonano yagiranye n’umushikiranganji wa Mbere.