Amakuru
10 juillet 2024

Ibanki y’isi yasubiye kwiyemeza gushigikira iterambere ry’Uburundi (A. Niyonzima)

Abahinga b’Ibanki y’isi bariboneye aho imigambi ifashwa n’iyo banki igeze mu rugendo baherutse kugira. Urwo rugendo rukaba rwabashikanye muri imwe muri iyo migambi, ahariko harubakwa urugomero rwa Jiji-Murembwe rwatwaye amafaranga angana n’imiliyoni 150 z’amadolari y’Abanyamerika. Abo bahinga bakaba baremeye ko mu mafaranga agera ku miliyoni 100 z’amadolari asigaye bagiye gutangamwo imiliyoni 50 kugira izo ngomero zishobore guhera mu mwaka w’2025, urugomero rwa Jiji ruhere mu kwezi kwa Ruhuhuma, Murembwe na rwo mu kwezi kwa Rusama.