Amakuru
16 janvier 2023

Ibanki nkuru y’igihugu yagabanije igitigiri c’amafaranga abikurwa n’ayabikwa mu manoti mu mabanki

Nta wemerewe kubikura mu manoti amafaranga arenga imiliyoni 15 z’amarundi ku munsi canke ngo arenze kubikura imiliyoni 100 ku kwezi. Ingingo yafashwe n’ibanki ya Republika y’Uburundi, BRB. Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru co ku munsi wa gatanu w’indwi iheze, Dieudonné Murengerantwari, arongoye ibanki nkuru y’igihugu, yamenyesheje kandi y’uko amazu avunja amafaranga agera kuri 14 ari yo amaze gusaba gusubira gukora, muri ayo 2 ni yo aza ariko arakora, 6 yandi akaba agiye gutangura gukora.