Amanoti mashasha y’ibihumbi 10 na 5 arahari ku rugero ruhagije mw’Ibanki nkuru y’igihugu. Bimenyeshwa na Bellarmin Bacinoni, ajejwe kumenyesha amakuru muri BRB. Ahamagarira amabanki y’ubudandaji hamwe n’amashirahamwe yo kuguranana kuza gutora ayo manoti mashasha bipfuza kuko igihe co gukoresha inoti za kera kizorangira kw’igenekerezo rya 17 Ruheshi.
Amakuru
16 juin 2023