Amakuru
21 janvier 2021

Ibanki nkuru ya republika y’Uburundi iragabisha amashirahamwe akora nk’IKIRIMBA

Ibanki nkuru ya republika y’Uburundi iragabisha amashirahamwe akora nk’ibirimba, akemerera abanywanyi bayo ko bazoronka inyungu nyinshi ku kiringo gito bivuye ku mitahe batanze. Ibanki nkuru y’igihugu BRB iributsa ko ivyo bikorwa vyose bitemewe n’amategeko, igasaba abarundi kwiyubara mu kuraba aho bashira amafaranga yabo ko ari mu nzego z’ubudandaji zizwi n’amategeko.