Amakuru
27 mai 2022

Ibanga ritamenwa ! Nta wuvugira hejuru ivy’amafaranga ya Somaliya na Centrafrika

Ikibazo c’amafaranga yinjira mu kigega ca leta azananye mu basirikare bagiye kugarukana amahoro muri Somaliya na Centrafrika cagizwe ibanga rya leta. Uko niko umushikiranganganji ajejwe Ikigega ca leta yabisiguriye Inama nshingamateka, hari ku munsi wa mbere. Domitien Ndihokubwayo yabwiye abashingamateka ko inyishu y’ico kibazo atoyitangira mu Nama nshingamateka, akavuga ko uwokwipfuza kumenya amakuru y’uko ayo mafaranga atunganijwe, yotumbera mu biro vy’ubushikiranganji bubijejwe. Imvugo inegurwa n’ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, PARCEM.