Amasezerano y’amahoro n’umutekano yahagarikiwe n’akarere mu buseruko bwa Congo si ayo gufata minenerwe. Vyafundikiwe mu nama y’inyabune yabereye i Louanda muri Angola kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yaritabiriye iyo nama. Umuvugizi wiwe, Rosine Guilène Gatoni, amenyesha ko abakuru b’Ibihugu vyo mu karere babonye ko ayo masezerano ari kirumara kugira bishoboke gutsimbataza amahoro n’umutekano muri Congo.
Amakuru
30 juin 2023