Ukutagira akazi ku rwaruka mu bisagara hamwe n’ukutagira amatongo ashimishije kugira ababa hagati mu gihugu bashobore kurima nk’uko bavyipfuza, ni vyo nyamukuru bitera ubukene mu gihugu c’Uburundi. Ivyo vyerekanwa n’icegeranyo c’Ikigo c’igihugu kijejwe gutororokanya ibitigiri mu gihugu (ISTEEBU). Ayo matohoza akaba yabaye mu mpera z’umwaka w’2019, ashirwa ahabona mu mpera z’indwi iheze. Nicolas Ndayishimiye, arongoye ico kigo, akavuga ko ivyo bitigiri arivyo leta yisunga mu gihe cose ishatse gusununura ubuzima bw’abanyagihugu.
Amakuru
5 juillet 2022