Amakuru
23 avril 2022

Hemejwe itegeko rigenga Abarundi bipfuza kuja gukora muri Arabie saoudite

Inama nshingamateka y’Uburundi yaremeje kuri uyu wa kane integuro y’itegeko rigenga amasezerano yo kurungika abakozi mu gihugu ca Arabie saoudite. Abashingamateka barerekanye amakenga bafise ajanye n’ingene Abarundi bahora baja mu bihugu vy’ikigobe c’Abarabu mu kinyegero bafatwa nabi. Bakaba kandi biketse ko icatumye iyo nteguro y’itegeko ibaho kwari ukubera leta zunze ubumwe za Amerika zariko zishaka gushira Uburundi ku rutonde rw’ibihugu bikora urudandazwa rw’abantu.