Amakuru
8 décembre 2022

HCR ni yo ikwiye gukingira impunzi z’Abarundi agatotezo zikorerwa na leta ya Tanzaniya

Ishirahamwe mpuzamakungu HCR rikwiye gufata Abarundi bahungiye muri Tanzaniya nk’uko rifata izindi mpunzi. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha. Abivuze kubera itotezwa rimaze igihe rikorerwa izo mpunzi z’Abarundi ziba muri Tanzaniya kugira zitahuke ku nguvu bisabwe na leta ya Tanzaniya. Bamvuginyumvira akibutsa HCR ko yokwibuka ko Abarundi bagengwa n’amategeko agenga impunzi.