Amakuru
24 février 2022

HCR na leta ya Congo bikwiye gukingira impunzi z’Abarundi zimerewe nabi muri Congo

Leta iharanira intwaro rusangi ya Congo hamwe n’ishirahamwe rijejwe impunzi HCR birakwiye gukingira impunzi z’Abarundi zo mw’ikambi ya Mulongwe canke zikimurirwa ahandi. Bisabwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye ishirahamwe riharanira agateka k’impunzi (CBDH/VICAR). Akaba abishikirije inyuma y’aho izo mpunzi ziterewe n’abantu bitwaje ibirwanisho mw’ijoro ryo ku wa 20 Ruhuhuma uno mwaka. Iryo shirahamwe rirasaba kandi amakungu kugondoza Leta ya Congo kugira izo mpunzi zikingirwe.