Amakuru
27 août 2024

Hategerezwa gufatwa ingingo zo gukingira kurusha amagara y’Abanyamwema (A. Bangirinama)

Abanyamwema na bo birakenewe ko baserukirwa mu nzego zo hejuru mu gihugu kugira ibibazo vyabo vyitabweho kurusha. Ico ni icipfuzo ca Anicet Bangirinama, umuyobozi w’ishirahamwe Abanyamwema batagira imbibe. Akabona ko hotegerejwe gufatwa ingingo zo gutuma abana b’Abanyamwema bagwira mu mashure, na cane cane y’uburaro, n’ukubakingira amagara yabo. Anicet Bangirimana yabivuze inyuma y’inama rukokoma y’iryo shirahamawe ku munsi wa gatandatu uheruka i Bujumbura.