Amakuru
13 juin 2023

Hariko haraba ihonyabwoko ry’Abahema, igisirikare ca Congo na MONUSCO birorera

Abacongomani bo mu bwoko bw’Abahema barenga 40 baraye bagandaguwe bunyamaswa mw’ijoro ryaraye rikeye mu ntara ya Ituri, abandi 7 baranyurujwe ntawuzi irengero ryabo, hamwe n’abarenga 10 bakomeretse. Bahitanywe n’igitero cakozwe n’ababanyi babo bo mu bwoko bw’Abalendu, bikorwa n’umurwi w’inkorabara w’aba CODECO. Nk’uko bimenyeshwa n’umushingwamanza Jospin Mateso Savo, icegera c’uwurongoye ubwoko bw’Abahema mu vy’intwaro, bamwe bishwe batuririwe mu nzu, abandi barakererwa, hakaba n’abishwe barashwe amasasu. Ubwo bwicanyi bukaba bwabereye hafi y’ahari ibirindiro vy’abasirikare ba Congo hamwe n’aba MONUSCO. Abaserukira ubwoko bw’Abahema bemeza ko ibiriko biraba ari umugambi wa leta ya Congo uriko urashirwa mu ngiro kugira ubwo bwoko buzimanganywe, igisirikare na MONUSCO barorera.