Amakuru
25 mars 2023

Hariko haraba amatohoza mu Ruyigi kugira hamenyekane abagandaguye Emmanuella Niragira

Hari umukenyezi yagandaguwe arashwe muri karitiye Sanzu ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi, hari mw’ijoro ryo ku wa gatatu rishira uwa kane. Akaba avuka muri zone Rusengo mu ntara ya Ruyigi. Akaba yagandaguwe arashwe n’abantu batarashobora kumenyekana ariko arataha muhira iwe. Abajejwe intwaro muri komine ya Ruyigi bavuga ko bataramenya abakoze iryo bara kandi ko batazi ico bamuhoye, ariko ko hariko harakorwa amatohoza.