Amakuru
6 août 2022

Hariho agahaze mu gihe hari abanka gukurikiza amategeko bahawe

Haracariho ibisata bigikorera i Bujumbura, kandi vyategerezwa kuba biri ku murwa mukuru wa politike i Gitega. Bivugwa na Révérien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD. Yaneguye ivyo kuri uyu wa kabiri uheze igenekerezo rya 02 Myandagaro 2022. Hari mu gihe umugambwe CNDD-FDD wariko uribuka imyaka indwi iheze général Adolphe Nshimirimana agandaguwe. Ku bwa Révérien Ndikuriyo, ngo iyo hashizweho itegeko, hakaba abarirengako, vyerekana ko hariho agahaze.