Amakuru
25 mars 2022

Haribonekeza ubusumbane bw’ivyinjira n’ibisohoka hagati y’Uburundi n’Ubuganda

Ivyo Uburundi burangura mu gihugu c’Ubuganda, biri hejuru cane kuvyo Uburundi buhashora. Uwo mwihwezo wagizwe kuri uyu wa gatatu n’uwurongoye ihuriro ry’abagwizatunga n’abadandaji mu Burundi (CFCIB). Hari mu nama yahuje abagwizatunga b’Uburundi n’abo mu gihugu c’Ubuganda. Audace Ndayizeye yamenyesheje ko mu mwaka w’2020, Uburundi bwaguze mu Buganda ibidandazwa bingana n’imiliyoni 48 z’amadolari y’abanyamerika, mu gihe Uburundi bwashoyeyo ibingana n’imiliyoni 34 z’amafranga y’amadolari uwo mwaka nyene. Yarongeye aratanga akarorero ko Uburundi burangura ivyo bita ama jus mu Buganda mu gihe ivyamwa yakozwemwo biba vyavuye mu Burundi. Ku bwa Audace Ndayizeye, harakenewe y’uko mu Burundi hashirwaho amahinguriro y’ivyo bishorwayo kugira ubwo busumbane buveho.