Amakuru
2 février 2023

Haribonekeza agahengwe atari ako kwizera hagati y’ibihangange vy’umugambwe CNDD-FDD

Ukutihanganirana muri politike, ukutigenga kw’ubutungane hamwe n’ukudahana ni bimwe mu bibazo bigihanze ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye, n’aho habonetse agahengwe mu bijanye n’amabi afatiye kw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu mwaka w’2022. Ni ko bibonwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu IDHB, mu cegeranyo caryo c’umwaka w’2022. Ico cegeranyo ca IDHB kigaruka ku migenderanire icumbagira, iri hagati ya bamwe mu bihangange bigize umugambwe uri ku butegetsi.