Abakenyezi bababa 200 ni bo bahitanwa n’impfu zijanye no kwibaruka ku bavyeyi 1 000 bibaruka, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe ry’abaganga bavura indwara zijanye n’igitsina. Ivyo vyavugiwe mw’ikoraniro rigira 16 ry’abaganga bavura indwara z’igitsina. Muganga Salvator Harerimana akaba arajwe ishinga n’ivyo bitigiri agasaba leta gushigikira ico gisata kugira ivyo bitigiri bigabanuke. Ikindi yerekana ko ari intambamyi, ni igitigiri c’abaganga kikiri gito cane, abarenga 80 kw’ijana muri bo bakaba baba mu gisagara ca Bujumbura, bigatuma mu bindi bice vy’igihugu haba ubukene bwabo.
Amakuru
10 août 2024