Amakuru
7 avril 2022

Hari urukino rushasha rugiye gushinga imizi mu Burundi. Rwitwa Padel, rukaba rususa na tennis

Uburundi buheruka gutorwa ngo butware umuce witiriwe Zone ya 5 muri Afrika y’urukino rushasha Padel. Urwo rukino ku bataruzi rukaba rwegereye urwa tennis. Iyo zone ya gatanu ikaba igizwe n’ibihugu 13. Ivyo vyavuye ko Uburundi buri mu bihugu vya mbere muri Afrika vyatanguje urwo rukino, kikaba ari igihugu cerekanye ubuhinga budasanzwe mu mahiganwa aheruka. Jean Marie Julien Nsengiyumva, arongoye ishirahamwe ry’urukino Padel mu Burundi, amenyesha ko urwo rukino rugiye gukwiragizwa mu gihugu.