Amakuru
11 mars 2023

Hari urubuga rwo mu buryo bwa none ruhejeje gushirwaho ngo rufashe abadandaza mu bikorwa vyabo

Abadandaza b’Abarundi bazoshobora kumenyekanisha banadandaze ivyabo batarinze kuva aho basanzwe bakorera. Ivyo bazobishobozwa n’urubuga rushasha ruhejeje gushirwaho mu buhinga bwa none (internet). Bimenyeshwa na Olivier Suguru, arongoye Ihuriro ry’abadandaza n’amahinguriro, CFCIB. Olivier Suguru akavuga ko Uburundi bugiye mu bindi bihugu vy’akarere ka EAC vyari bisanzwe bikoresha urwo rubuga.