Amakuru
18 février 2023

Hari ubundi bwicanyi n’inyuruzwa ry’abantu bisigura ubwicanyi bwakorewe Ferdinand Nyandwi

Igandagurwa rya Ferdinand Nyandwi mu Kirundo mu kwezi kwa Munyonyo mu mwaka uheze, riri mu yandi mabi yakorewe abandi bantu bari bafitaniye imigenderanire na Ferdinand. Ivyo vyavuye mu matohoza ishirahamwe FOCODE ryagize. Ferdinand Nyandwi yari umunywanyi wa FNL, akaba yishwe amaze amezi make ahungutse. Yagandaguwe yagirizwa ko yanyegeje ikirwanisho mu mufuko w’amakara. Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE, akababazwa n’uko abagirizwa ubwo bwicanyi ata co binona.