Amakuru
21 mai 2022

Hari izindi ngingo zikenewe zotuma abana bumva ko bitaweho kugira ntibasubire guheba amashure

Kugaburira abana kw’ishure vyonyene ntibikwiye kugira ntibasubire guheba amashure. Harakenewe izindi ngingo zotuma abana bumva ko bafashwe neza, nko kugira abahanuzi, utibagiye ibikoresho bikwiye. Izo ni impanuro za Eulalie Nibizi, akurikiranira hafi ibibazo bijanye n’indero mu Burundi. Akaba abivuze inyuma y’akamo katewe n’umuyobozi w’indero mu Ruyigi yasaba ko abana bosubira kugaburirwa kw’ishure kugira uguheba amashure gutuzwe.