Amakuru
19 décembre 2023

Hari iyindi ntambwe ku bashaka kwitura CPI, ifishe yuzuzwa n’abashaka kwiburanira

Abakorewe amabi mu Burundi barashobora kwiserukira imbere ya Sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI babanje kwuzuza ifishe isabwa kugira bashobore kwiserukira batarinze guca ku bashingwamanza. Ivyo vyavuzwe mu kiganiro amashirahamwe abiri yaremesheje ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere : Urunani rw’amashirahamwe akorana na Sentare mpanavyaha mpuzamakungu CB-CPI hamwe na SOS-Torture. Umushingwamanza Lambert Nigarura, arongoye urwo runani rukorana na CPI, asigura ko ivyo biriko biraba mu kwizera ko amatohoza ariko arahera hagatangura imburano zishengeza abakekwa gukora amabi y’agahomerabunwa atandukanye mu Burundi.