Amakuru
11 août 2022

Hari ivyankenerwa ishirahamwe Interpetrol rikwiye guhabwa kugira ikibazo c’ibitoro gitorerwe inyishu

Ishirahamwe Interpetrol riremera ko mu gihe leta yoriha ivyankenerwa ryoshobora gukura mu nzira ikibazo c’ibura ry’ibitoro. Ivyo vyashikirijwe na Freddy Ipoma, icegera c’umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe. Hari kuri uyu wa kabiri. Ni mu gihe ibitoro bimaze ikiringo c’amezi arenga atandatu bikena. Muri ivyo bisabwa n’ishirahamwe Interpetrol, harimwo kuronswa amafaranga y’agaciro yotuma bashobora kurangura ivyo bitoro. Interpetrol rikaba ari ryo shirahamwe ryonyene ryihariye isoko yo kwinjiza ibitoro mu Burundi.