Amakuru
16 juillet 2022

Hari inkozi z’ikibi zimaze iminsi zigonga abapolisi hirya no hino mu gihugu

Hariho amasanganya akorwa nkana agamije kwica abapolisi mu gihugu cose. Ivyo vyashikirijwe na Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi, mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’Umutekano kuri uyu wa kane. Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko bushigikiye izo nyamiramabi kandi ataco butazokora kugira abakora ubwo bwicanyi bamenyekane kandi bahanwe vy’akarorero.