Amakuru
30 septembre 2022

Hari indongozi za CNDD-FDD zikingiye Imbonerakure zateshejwe kwica umuntu mu Rukoko

Indongozi z’ibanze zirafadikanije n’Imbonerakure zahatswe kugandagura uwundi musore mw’ishamba cimeza rya Rukoko, ku musozi wa Buringa. Abahungu batatu bo mu mugambwe uri ku butegetsi barateshejwe mu gihe bariko bitegurira kwica uwundi musore aba kuri uwo musozi. Akaba yarokowe n’amaruru y’abanyagihugu. Ishirahamwe ligue Iteka ariko rikaba rinegura inyifato y’abarongoye umugambwe CNDD-FDD na bamwe mu ndongozi kuri uwo mutumba. Anschaire Nikoyagize, arongoye iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, avuga ko izo ndongozi zaciye zikingira urwo rwaruka, aho banyegeje umwe muri bo, uwundi baramureka arahunga.