Amakuru
25 octobre 2021

Hari icizere mu gutunganya gushasha igisata c’ubutare mu Burundi

Ngo hari intambwe imaze guterwa mu gukomeza intwaro ibereye mu vy’ubutare ariko kandi ngo ibimenyeshamakuru birafise uruhara ntangere mu gukomeza iyo ntwaro ibereye muri ico gisata. Vyashikirijwe kuri uyu wa gatandatu na Pierre Nduwayo, arongoye ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO, hari mu ruganda rwo gukahiriza ubumenyi abamenyeshamakuru muri ico gisata.