Amakuru
12 juillet 2023

Hari ibimenyetso vyinshi vyofasha kugira ukuri kumenyekane kw’inyuruzwa rya Elie Ngomirakiza

Amatohoza kw’inyuruzwa rya Elie Ngomirakiza, umunywanyi w’umugambwe CNL, ageze he, inyuma y’imyaka ibiri ata wuzi irengero ryiwe ? Ico kibazo kibazwa n’ishirahamwe FOCODE mw’ikete rigira kabiri ryarungikiye umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa mbere. Urwo rwandiko rusaba umukuru w’Igihugu gukoresha ububasha bwose ahabwa n’Ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n’ayandi mategeko, ategeke habe amatohoza akwiye kw’inyuruzwa ry’iyo ndongonzi y’umugambwe CNL muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura. Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE, arerekana ko ata matohoza yigeze aba kandi iryo nyuruzwa ryaravuzwe cane ku mbuga ngurukanabumenyi mbere n’intwazangabo ivyagirizwa, major Aaron Ndayishimiye, ikaba itigeze ibazwa na kimwe.