Amakuru
25 juillet 2024

Hari amavuriro, pharmacies, n’amashure akorera ku mpapuro za magendo (L. Baradahana)

Impusha zo kwugurura amavuriro, amashure y’abigenga yigisha ubuvuzi, ama laboratoires y’ubuvuzi n’amazu yo kuranguza no kudandaza imiti zirahagaritswe kwakirwa kuva ubu gushika hafashwe iyindi ngingo. Umushikiranganji w’Amagara y’abantu yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri itariki 23 Mukakaro. Muganga Lydwine Baradahana avuga ko ari mu ntumbero yo gutunganya neza ivyo bisata.