Ingingo yo gukinga umwimbu si iyo gufatirwa ku rwego rw’intara nk’uko umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu yabishikirije ku munsi wa kabiri abisavye ba buramatari b’intara z’igihugu. Akaba yabasavye ko botanga canke bakima uruhusha abanyagihugu rwo kujana umwimbu mu yindi ntara. Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi, asigura ko intara zitimbura co kimwe, ari na co gituma uguhanahana umwimbu biciye mu rudandazwa atari intambamyi na gato.
Agriculture
9 juin 2023