Amakuru
29 octobre 2021

Harakwiye umugambi utomora ukurwanya igiturire mu Burundi

Haracariho agahaze mu kurwanya igiturire hamwe n’abanyuruza amatungo ya leta mu Burundi. Ibi ni ivyashikirijwe na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu. Faustin Ndikumana akabivuga afatiye kuma dosiye avugwa agaherera mu nzira. Uwo arongoye iryo shirahamwe agatanga akarorero ku rugomero rwa Kajeke aho avuga ko habaye uruhombo runini. Ku bwiwe, hotegerejwe kuba harashinzwe inzego zigenga zikora amatohoza yimbitse hakaboneka ababikoze hamwe n’agahombo kahabaye.