Abacongomani baba i Masisi, muri Kivu y’uburaruko bacitse kw’icumu mu bwicanyi bakorerwa n’imirwi yitwaje ibirwanisho igizwe ahanini n’abahoze ari abasirikare b’Urwanda FDLR, basaba ko boronswa ubutungane ku mabi badasiba gukorerwa. Muri iyi ntahe y’umwe mu bacitse kw’icumu, yerekana icizere bafitiye urunani rw’abashingwamanza bariko barabafasha gusaba ubutungane mpuzamakungu kugira ababakorera ubwo bwicanyi bwerekeza kw’ihonyabwoko bukorerwa imirwi imwe imwe y’abanyagihugu b’Abacongomani buhanwe. Intahe uwo munyagihugu w’i Masisi akaba yabivuze mu nama yabereye i Nairobi mu kwezi kwa Mukakaro guheze, ikaba yari yatunganijwe n’abashingwamanza baburanira Abanyamulenge, Abatutsi hamwe n’Abahema bo muri Ituri, bamwe muri iyo mirwi ibangamiwe.
Amakuru
25 août 2023